1. Barundi, Barundikazi,
Uno musi niho twatanguza icese ibikorwa vya Reta nkozi, Reta Mvyeyi. Tuboneyeho kubanza gukeza bimwe vy’imvamutima abagenywe muri iyi Reta, duhereye ku Cegera c’Umukuru w’Igihugu, Umushikiranganji wa Mbere, n’Abashikiranganji bose bahejeje kurahira.
2. Igihe twahoramwo cari ico kwitunganya neza, none tugira tuvumbuke. Inkware zisezerana mu masesa, ico abagize Reta bokwitwararika imbere ya vyose, ni uko naho umugambwe twaserukiye ari wo watahukanye intsinzi, hatsinze Abarundi bose kuko hatoye Abarundi, ntihatoye imigambwe.
3. Jewe natorewe kuba Sebarundi. Nzokorera Abarundi kurya umusuku akorera shebuja, kandi n’abanyamahanga baba mu Burundi nibahumure sinzobibagira. Abagize Reta rero, muzirikane ko umutwaro tuwusangiye. Muzotunganirize bose, abadutoye n’abatadutoye.
4. Abarundi twinjiye mu gihe co gufungura dukoze. Twinjiye mu gihe co gukora akazi. Duhiriwe duhishije, ntituje kumena umushike, tuje kubandanya ikivi catanguwe n’abatwitangiye imbere, kandi tuje guheka abisimbiza, kuko Abarundi ni abakozi iyo baronse uwubakoresha.
5. Mu gutsimbataza intwaro ibereye, ikintu nabonye Abarundi nka bose bashinze ijisho, ni inyonyezwa n’isesagurwa ry’itunga rusangi hamwe n’igiturire, impande y’akarenganyo kava kw’itangwa ry’igiturire. Ico kibazo ni jewe ubwanje ngira ndagihagurukire.
6. Kubera twabonye ko abatari bake batinya kudomako urutoke indongozi zihemukira abenegihugu, ubu bwa vuba tugiye gushira ku migwa mikuru y’amakomine, agasandugu bazoshiramwo ivyipfuzo n’ibirego mw’ibanga, kazohora kugurugwa n’intumwa yanje gusa.
7. Ikindi twipfuza, ni uko ata wosubira guhembwa aterekanye ico yakoze. Kuva ubu umukozi wese ahembwa na Reta ategerezwa kwerekana neza ico yakoze n’umwimbu yakuyemwo, aha muca mwumva ko abishinga kuganirira ku ma terefone, canke bamwe batoroka ibiro bagiye gufatirwa ingingo.
8. Kubijanye n’amagara y’abantu, «uwufise ikigega c’amagara ntabura ikigega c’amasaka», nico gituma dutanguje uyu musi isekeza ryo gutuza ikiza-karanda ca Korona, twise «Ndakira, sinandura kandi sinanduza».
9. Kugira dushike kuri iryo hangiro, bisaba umwitwarariko w’umwe umwe wese kandi ku mwanya ku mwanya. Ntawuguhimiriza, ihimirize wewe nyene; ukurikize amategeko yose ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bugira bumanike mu bibanza vyose bihuriramwo abantu, ndetse no mu mihana.
10. Reta yiyemeje kumanura igiciro c’isabuni ku bice 50%, kugira umwenegihugu yoroherwe mu kuyironka, ico kindi gice ni Reta izokiriha. Mu bisagara vy’imigwa mikuru y’intara, Reta igiye kugabanya igiciro c’amazi gushika tubonye ko ico kiza Korona kitacibonekeza mu gihugu.
11. Mu ntara zose z’Uburundi, hagiye gushingwa umugwi wo gupima umugera wa korona, duce dukora isekeza ryo gupima abanyagihugu bose aho hose twiketse ko umugera woba wahinjiye.
12. Kubijanye n’uburimyi n’ubworozi, dufise ihangiro ry’uko umunwa wose uronka ivyo ufungura, umufuko wose na wo ukaronka amafaranga. Inzira irashe yo gushitsa iryo hangiro si iyindi, ni ugukura amaboko mu mpuzu. Nkako, «Uwutarima ntamira, kandi «uwushaka umubira abira akuya».
13. Abajejwe Uburimyi n’Ubworozi mu ntara, basabwe kuva mu biro, basange abenegihugu kukivi, na bo babe akarorero mu burimyi n’ubworozi. Twipfuza kwigisha abenegihugu kurima, kuziganya no guhingura umwimbu mu buhinga bwa kijambere.
14. Kuvyerekeye urwaruka, Aho bukera tugira dushware mu makomine yose, twegeranye urwaruka rwize amashure mu kibiri, batwereke imigambi bipfuza kurangura. Reta yiyemeje guca ibaha uburyo bukwiye bwo gukora iyo migambi, ndetse itore n’abahinga muri bo bazobakorera bahembwa na Reta
15. Mu kubungabunga abakukuruke, kuva kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro umwaka w’2020, ni ukuvuga ejo aho bukera, Reta izotangura kurihira abakukuruke b’abanywanyi b’ishirahamwe rijejwe kuvuza abakozi ba Reta vya bice 20% bahora bariha kugira ngo bace bavurwa ku buntu.
16. Ubushikiranganji bubijejwe, bugiye kandi gutangura guharura amahera umukozi wa Reta yiziganiriza muri vya bigega bibijejwe, kugira dushobore gutunganiriza abazokukuruka mu bihe biri imbere, ntibasubire gutaha basamira isazi ku menyo kandi bari barihaye.
17. Mu ntumbero yo gustimbataza amahoro, tugiye kuganira n’abateshejwe izabo igihe twari mu magume, kugira bashobore kubaho nk’abandi barundi bose. Dutegerezwa gutora inyishu ibereye ibakurako iceyi co kwitwa uwateshejwe urwiwe kandi turi mu mahoro.
18. Iyi semo nshasha dutanguye mu kivi co kwubaka Igihugu cacu, twipfuza kuyitangurana n’Abarundi bose, ata n’umwe avuyemwo. Ni co gituma dushimira Abarundi bahungiye hanze baguma batahuka mu gihugu; tukongera tugatera intege n’abagitinya gutahuka.
19. Turazi ko hari abatinya gutaha kubera ubwoba bw’ivyo bagiye bakoze canke abo bari bacuditse. Yamara n’abo twipfuza ko bataha.
Turabahaye ikaze bose mu gihugu cabo, na kare «Umwana arabisha mu ngovyi umuvyeyi akayimuhekamwo», ariko iyo abikoze akuze baramwihaniza ntazosubire.
20/20. Dusavye Abarundi bose gushigikira iyi Reta nshasha. Nk’uko nabivuze, si Reta ije gukora nk’izindi zatanguye, ni Reta ije yitwa Reta nkozi, Reta Mvyeyi. Tugire urunani rw’intamenwa, tuje inama ku vyokiza Uburundi n’Abarundi; tuyaga dukora, dukora tuyaga. Imana izodushoboza.
You can follow @GeneralNeva.
Tip: mention @twtextapp on a Twitter thread with the keyword “unroll” to get a link to it.

Latest Threads Unrolled: